Shadow

Didier Drogba yahagaritse gukina umupira w’amaguru

Umukinyi yamamaye cyane mu mupira w’amaguru ukomoka muri Kote d’Ivuware, wakiniye ikipe ya Chelsea yo mu Bwongereza, Didier Drogba ejo kuwa gatatu yatangaje ko ahagaritse gukina, inyuma y’imyaka 20 muri uwo mwuga.

Image result for Didier Drogba

Didier Drogba w’imyaka 40 yatsinze ibitego 164 mu mikino 381 yakiniye ikipe ya Chelsea, yagukanye  ibikombe bine bya Premier League, bine bya FA hamwe n’igikombe cya Champions League muri 2012, ni mu gihe yatsindiye ikipe  y’igihugu cye cy’amavuko Kote d’Ivuware ibitego 65.

Drogba yakinnye mu makipe y’umupira w’amaguru mu bihugu bitandatu, aho yamamariye cyane ni mu Bufaransa mu ikipe ya Monaco no mu Bwongereza mu ikipe ya Chelsea. Asoje yakiniraga ikipe ya Impact Montreal yo muri Canada.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *